以下は曲の歌詞です Iwacu 、アーティスト - Sat-B 翻訳付き
原文と翻訳
Sat-B
Vers 1:
Hommy !! Hommy !! Muntu ugana iwacu
Reka nkutume hariya kwa Mama
Umubwire yuko mukumbuye
Iyo mwibutse Oooh ndasarara
Hommy !! hommy! Muntu uja I Burundi
Ukagera hariya I Bujumbura
Kumayira abiri
Uti ndabakumbuye
Igihe kazoza tubonane !!
Uti nanse kubona nicwa n’inzara
Nanse kubona Mama yicwa n’inzara
Hageze igihe akazi karabura
Kuko Abonse rimwe bashamiranye
Layla akarira akarira, akabura ikimuhoza
Kubwo kubura ico muha
Hariya iwacu kuri ya misozi
«iwacu ndahakumbuye»
Mfise intuntu yo gusubirayo
«abiwacu ndabakumbuye»
Hariya iwacu kuri ca kiyaga
«iwacu ndahakumbuye»
Mfise intuntu yogusubirayo
«Ab'iwacu ndabakumbuye
Spoken:
«(#Leyla) papa je t aime uzoza ryari kumbuye kumbuye "
Vers 2:
Harya ubuto butegurira ubusaza
Inkoni nzokwitwaza mu butama
Ni ngombwa Ndayice nkiri muto
Sije nabizanye !
Tuvukira mu bibazo
Tukongera tukabikuriramwo
Kuko tuzira ivyo tutazi
Bigatuma tutabona imbere
Ooooh! Oooh! MANA!!!
Ehe amagara yarankitse
Mu mahanga muc’abandi
Ibibi burya bibaho
No kwihangana bikabaho
Ariko uri iwanyu biroroha
Ukihanganira vyose
Hariya iwacu kuri ya misozi
«iwacu ndahakumbuye»
Mfise intuntu yo gusubirayo
«abiwacu ndabakumbuye»
Hariya iwacu kuri ca kiyaga
«iwacu ndahakumbuye»
Mfise intuntu yogusubirayo
«Ab'iwacu ndabakumbuye
様々な言語の楽曲
あらゆる言語への高品質な翻訳
必要なテキストを数秒で見つけます